20/08/2026
đ âIfoto nziza ni iyivugira yonyene ubwayo ata majambo arinze kujakoâ
đ„ł đž Ba gafotozi, nk'ubu mwamenye ko turi ku musi mpuzamakungu wahariwe ishusho (photographie) ? Uhimbazwa buri tariki 19 Myandagaro. Muri iyo ntumbero, Yaga yabateguriye kubasangiza inkuru yâurugendo rw'umwe mu bahinga bafata amafoto mu Burundi, ari no mu batanga amanota mw'ihiganwa Neza Prize riteguwe na Yaga ifadikanije na UNICEF Burundi. Kurikira đđŸ
đ âNitwa HervĂ© Shabani, mba mu gisagara ca Bujumbura. Ndi umumenyeshamakuru ashikiriza inkuru mu mashusho, nkongera nkaba uwukora inkuru ndende mu mashusho (photo-documentaliste).
Navukiye mu muryango urwiriyemwo abafata amashusho, nanje nca mbandanirizako ntangura gufata amashusho y'imanza. Mu 2020 niho natangura gukora ubundi buryo bw'amashusho butamenyerewe, nkora urukwirikirane rw'amashusho rutanga inkuru kanaka (photo-journalisme, photo-documentaire) gushika n'uno musi nivyo ndiko ndakora.
Kuri jewe, ishusho nziza ni iyivuga yonyene ubwayo ata majambo arinze kujako, ikora ku mutima w'uwuyiravye utarinze kuyivugako vyinshi.
Uno musi aho abantu bihendera mu kubona ko uwo ari we wese ashoboye gufata ishusho, ntibamenya ko gufata ishusho atari ugufyonda n'urutoke gusa ku cuma, ahubwo ni ahanini ijisho ry'umuntu ku buryo abona inkuru agomba gushikiriza mw'ishusho yiwe.
Urwaruka wese afise indoto yo kuba gafotozi, ntacike intege abandanye akora. Ntashire imbere kubura ibikoresho kuko na terefone ubu irashobora gufotora. Binashobotse yofata amashusho 100 ku musi, kuko uko afata menshi niko amaso yiwe aguma yuguruka akabona n'ibindi bintu bishasha. Ikindi, ni vyiza ko uwugitangura agira uwumufata ukuboko mu kumwigisha (mentor).
Nk'uwutanga amanota mw'ihiganwa Neza Prize, nabonye ko mu Burundi hari ingabire nyinshi cane mu gufata amashusho. Zikwiye gushigikirwa na rirya igihugu kugira kimenyekane amashusho meza avuga igihugu abifisemwo uruhara. Ndashimiye Yaga na UNICEF Burundi kuri iki gikorwa ciza co gutanga urubuga kuri izi ngabireâ đđŸ
đ HervĂ© Shabani ni umwe muri batatu batanga amanota mwâihiganwa Neza Prize, uyu mwaka ryisunze gufata amashusho. Iryo higanwa ryateguwe na Yaga irikumwe na UNICEF Burundi.